book.jayu.org

WOBA WARAVYAWE UBWA KABIRI VY’UKURI N’AMAZI NA MPWEMU?

Paul C. Jong (지은이)

(도서출판)헵시바·2025-06-26

  • 384쪽
  • 152×228mm
  • 종교

로그인하면 내 서재에 추가할 수 있어요.

책 소개

Icigwa nyamukuru c’ijambo ry’umutwe ni Kuvuka ubwa kabiri mu mazi hamwe no muri Mpwemu. » Niyo ntumbero y’iki cigwa.Muyandi majambo, iki gitabo kiratubarira neza ic’arico kuvuka ubwa kabiri n’ingen’umuntu ashobora kuvuka ubwa kabiri mu Mazi hamwe no muri Mpwemu nk’uko Bibiliya ibivuga.Amazi agereranya ukubatizwa kwa Yesu kuri Yorodani kandi Bibiliya ivuga yuko ivyaha vyacu vyose vyashizwe kuri Yesu igihe yabatizwa na Yohani umubatizi.Yohani yaserukira ubwoko bwose bw ‘abantu kandi yava mu muryango wa Aroni umuherezi mukuru.Aroni yarambika ibiganza ku mutwe w’impene yo gusendwa hanyuma akayaturirako ivyaha ab’Isirayeli baba bakoze mu mwaka wose,ivyo akabikora ku musi mukuru w’impongano.Cari igitutu c’ivyiza vyagira bize.Umubatizo wa Yesu ni igishushanyo co kurambikako ibiganza.Yesu yabatijwe mu buryo bwo kurambikwako ibiganza kuri Yorodani.Gurtyo yakuyeho ibicumuro vyose vy’isi biciye m’umubatizo kandi yabambwe kugira arihe ikiguzi c’ivyaha.Ariko abakristo benshi ntibazi igituma yesu yabatijwe na yohani umubatizi kuri Yorodani.Umubatizo wa Yesu nico cigwa nyamukuru c’iki gitabo,kandi nirwo ruhande ntayegayezwa rw’Ubutumwa bw’Amazi hamwe na Mpwemu.Dushobora kuvuka gusa ubwa kabiri mu kwizera umubatizo wa Yesu hamwe n’umusalaba wiwe. Close

목차펼치기

IBIRIMWO Igice ca mbere—Inyigisho 1. Dutegerezwa Kubanza Kumenya Ibijanye n’Ivyaha Vyacu Kugira Ngo Ducungurwe (Mariko 7:8-9, 20-23) --------------------------------------- 19 2. Abantu Bavuka Ari Abanyavyaha (Mariko 7:20-23) -------------------------------------------- 37 3. Dukoze nk’uko Ivyagezwe Bivuga, Vyodukiza? (Luka 10:25-30) ---------------------------------------------- 49 4. Ugucungurwa kw’Ibihe Bidashira (Yohana 8:1-12) ---------------------------------------------- 73 5. Umubatizo wa Yesu n’Uguhongerwa kw’Ivyaha (Matayo 3:13-17) ------------------------------------------- 105 6. Yesu Kristo Yaraje Aca mu Mazi, mu Maraso, na Mpwemu (1 Yohana 5:1-12) -------------------------- 157 7. Umubatizo wa Yesu Ni Ikigereranyo c’Agakiza ku Banyavyaha (1 Petero 3:20-22) ----------------------- 193 8. Ubutumwa Bwiza bwo Guhongerwa kw’Umusesekara (Yohana 13:1-17) ------------------------------------------- 213 Igice ca kabiri—Inyongera 1. Intahe z’Agakiza ---------------------------------------------- 285 2. Insiguro Zongeweko ------------------------------------------ 307 3. Ibibazo & Inyishu --------------------------------------------- 341

출처: 국립중앙도서관 서지정보

리뷰 남기기

로그인하면 리뷰를 남길 수 있어요.

리뷰 0개

아직 리뷰가 없어요.